Uko wahagera

Uburundi Bwahagaritse Amashirahamwe yo Kuguranana


Ifoto y'ahakorera ibanki nkuru y'igihugu, BRB.
Ifoto y'ahakorera ibanki nkuru y'igihugu, BRB.

Mu Burundi, nta shirahamwe na rimwe ryo kuguranana ry'abanyagihugu ryemerewe gusubira kugurura. Ni ingingo yafashwe n'ibanki nkuru y’igihugu. Bene ayo mashirahamwe yari asigaye agwiriye rwose mu Burundi, abanywanyi bakavuga ko abagirira akamaro kanini. Basaba BRB gusubira ku ngingo yafashe.

Prosper Ngendanganya, umuyobozi ajejwe gucungera agaciro k’ifaranga ry’Uburundi muri banki nkuru ya Republika BRB ni we yasohoye itangazo rishiraho iyo ngingo. Arisomera abamenyeshamakuru ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura kuri uyu wa kane, yavuze ko ingingo yafashwe yisunga ibijanye n’ugutunganya neza ivyerekeye ibikorwa vy’amashirahamwe mato mato yo kwiziganiriza y’abanyagihugu. Yamenyesheje ko ayo mashirahamwe mu Burundi atubahiriza amategeko ayagenga.

Ku mitumba yose igize Uburundi uko ari 2910, muri iki gihe ayo mashirahamwe yo kuguranana hagati y’abanyagihugu yarijukiwe rwose. Abaganiriye n’Ijwi ry’Amerika mu ntara za Rumonge na Cibitoke mu buraruko n’ubumanuko bushira uburengero bavuga ko vyabaguye nabi cane cane ko ayo mashirahamwe ari bwo buryo bwonyene bafise bwo kuronka ingurane nto zibafasha kwiteza imbere mu migambi yabo.

Abanyagihugu baganiriye n’Ijwi ry’Amerika, baba abacuruza, abirimizi n’abakozi ba Reta hamwe n’abakorera abigenga basaba ko iyi ngingo yohagarara. Babwiye umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza, yateguye ino nkuru ko ari ingingo izogira ingaruka mbi nyinshi ku buzima bwabo n’ubw’Abarundi benshi muri rusangi.

Abanyagihugu Bakiriye Nabi Ingingo ya BRB Ihagarika Amashirahamwe yo Kuguranana
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:11 0:00

Ngendanganya atwara ubuyobozi bujejwe gucungera agaciro k’ifaranga ry’Uburundi amenyesha ko ingingo ari ntasubirwamwo. Mbere abazoyirengako bazohanwa.

Nta mafaranga akoreshwa canke aca mu minwe y’ayo mashirahamwe yo kuguranana y’abanyagihugu azwi igitigiri ku mwaka ku mwaka. Ariko haba mu bisagara no mu mitumba, abavuganye n’Ijwi ry’Amerika basigura ko ari bwo buryo abantu nka bose basigaye bakoresha kugira bisahirize vyoroshe muri ico gihugu ca mbere gikenye kurusha ibindi kw’isi nk’uko amatohoza y’ikigega c’isi avyerekana.

Abatari bake basaba umukuru w’igihugu ubwiwe Evariste Ndayishimiye gusubiza inyuma iyo ngingo y’ibanki ya Republika bavuga ko iteye kubiri na politike yashize imbere ko “ umunwa wose ubwirizwa kuronka ivyo kurya, umufuko wose ukaronka amafaranga”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG