Uko wahagera

Burundi: Ubukene bw'Amazi mu Mihingo Itandukanye Buhangayikishije Benshi


Ino foto ni ngereranyo.
Ino foto ni ngereranyo.

Mu Burundi, abanyagihugu bo mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura no mu micungararo y’aho barafise ubwoba ko bashobora kwandura ingwara ziturutse kw'isuku rike kubera ubukene bw’amazi bwibonekeza muri ino misi.

Karitiye ya Tenga zone Rubirizi muri komine Mutimbuzi y’ intara ya Bujumbura, ni imwe mu burere bwo mu micungararo y’ umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ivugwamwo ubukene bw’amazi buzura inzara muri ino misi.

Bamwe mu baba muri iyo karitiye yubatsemwo inyubakwa za kijambere bakavuga ko amazi atangwa n’ishirahamwe REGIDESO bayakubita ijisho rimwe mu ndwi.

Kugira abanyagihugu bo mu karere ka Tenga baronke amazi bavuga ko bategerezwa kuja kuyavoma kure cane ku birometero birenga cumi. N’ivyo kugira bishoboke bikora ku bunguruza abantu n’ ibintu ku makinga.

Ubwoba ni bwinshi mu baba muri karitiye Tenga biturutse ku bukene bw’amazi. Bavuga ko isuku rike rishobora gutuma hatera ingwara zo gucibwamwo nk‘amacinya. cholera n’izindi.

Ikibabaza abanyagihugu bo muri Tenga ni ingene hari umuringoti w’amazi uva mu ntara ya Bubanza uyajana mu buraruko bw’igisagara c’ubutunzi Bujumbura ukarengana udasize n’ima muri ako karere. Bagasaba Ishirahamwe REGIDESO kwisubira ko.

Si mu micungararo y'igisagara c’ubutunzi Bujumbura honyene havugwa ubukene bw’amazi haraheze igihe kitari gito. No mu makaritiye amwe amwe y’ ico gisagara ubwo bukene burahari.

Yishura ku myidogo y’ababa mu micungararo no mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura, uwo muyobozi mukuru wa REGIDESO yabwiye abakunzi b’Ijwi ry’ Amerika yabwiye imvo nyamukuru zituma amazi ishirahamwe arongoye adashobora gushikira bose.

Umuyobozi mukuru wa REGIDESO kandi araremesha abanywanyi b’ishirahamwe arongoye ko hari ibiriko birakorwa kugira ikibazo c’ ubukene bw’ amazi kive mu nzira.

Abanywanyi b’ iryo shirahamwe bakababazwa n’ingene bataronswa amazi kandi Leta ibahimiriza gutanga amakori n’amatagisi, ariko ko atabagarukako mw’ iterambere nk’uko bama babibwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG