Uko wahagera

Burundi: Reta Yategetse Amahoteli Kurihisha mu Mafaranga Mvamakungu


Imwe mu mahoteli yo mu mujyi wa Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri, umushikiranganji w’ikigega ca Reta mu Burundi ari kumwe na mugenzi we w’ubudandaji yakoranije abakorera mu gisata c’amahoteri. Kwari ukugira barabire hamwe uruhara rwabo mu guteza imbere ivyerekeye ivyokorwa kugira ba mukerarugendo bahurumbire kugendera kurusha Uburundi.

Umushikiranganji Audace Niyonzima avuga ko amafaranga atangwa n’ingezi biciye mu mahoteri n’amazu y’uburiro n’ubunywero atagerezwa kumenyekana neza kugira Reta imenye uko itunganya ibijanye n’ubutunzi n’ikigega cayo ifatiye ku yo yinjiza muri ico gisata. Yamenyesheje ko amahoteri yose abwirizwa kwerekana mu mahera y’agaciro, cane cane amadoalri y’Abanyamerika, amafaranga yinjiza.

Niyonzima amaze amezi ane arongoye ikigega ca Reta asigura ko iyi ngingo atari iyo kugeramira abakorera mu gisata c’amahoteri, ahubwo ifise intumbero yo gufasha Abarundi muri rusangi.

Herman Ndayisaba atwara igisata c’abagwizatunga bashize umutahe mu mahoteri hari icasaba Reta kugira ibone ayo ikeneye: uguteza imbere inyubako, na cane cane amabarabara.

Ndayisaba aserukira bene amazu y’ingezi mu Burundi yipfuza ko bahabwa imisi, mugabo Reta ivyifuza vuba. Mbere ingingo izoja mu ngiro kuri uyu wa gatatu.

Mu misi iheze, Prezida Ndayishimiye yari yidogeye igisata c’amahoteri yemeza ko cakira amahera y’agaciro bene yo bakayahereza mu mipfuko yabo ariko muri banki nkuru y’igihugu bakajanayo amarundi gusa.

Mu mwaka w’ 2022, ibiharuro bitangwa na Reta vyerekana ko Uburundi bwakiriye ingenzi zivuye hanze y’ubutaka bw’ico gihugu zigera ku 281. 455. Ubwo bushikiranganji bwibaza ko iyugururwa ry’imipaka hagati y’u Rwanda n’Uburundi hamwe n’utwigoro Reta iriko irakora kugira abanyamahanga batinyuke kuza mu gihugu, bizotuma ingenzi zikomeza kwiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG