Uko wahagera

Prezida Putine Aremeza ko Ariko Arwana n'Ibihugu vyo mu Burengero bw'Isi muri Ukraine


Prezida Putine ku musi wo kwibuka
Prezida Putine ku musi wo kwibuka

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, uno musi ku wa kabiri, yavuze ko ibihugu vyo mu burengero bw'isi ari vyo biriko bikora ingwano vy'ukuri ku gihugu ciwe.

Ivyo birori vyabereye mu kibanza ca “Place Rouge” kiri ku murwa mukuru, Moscou. Prezida Putin, yatangaje ko amakungu ageze mu bihe bihambaye cane. Yavuze kandi ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyafashe ingingo yo gutera igihugu ciwe. Yakoresheje ijambo ryiwe kugira agereranye ugutsindwa kw’abanazi mu ntambara ya kabiri y’isi yose n’ibitero vy’Uburusiya muri Ukraine bimaze amezi 15.

Prezida Putin yarangije iryo jambo ahayagiza abasirikare bariko bamwumviriza bari ku rugamba muri Ukraine. Yasiguye ko bafise uruhara rukomeye cane ku vyerekeye kazoza k’igihugu. Yarakoresheje incuro zitari nke ivyerekeye kuzimanganya abanazi muri Ukraine nk’icitwazo co gutera ico gihugu. Yatangaje ko igihugu ciwe kizotahira intsinzi.

Abategetsi b’ibihugu bitandatu vyahoze biri mu cahoze ari ubumwe bw’abasoviyete baherekeje Prezida Putin muri defile y’uyu musi. Ivyo bihugu ni Biyerorusiya, Kazakistani, Kirigizistani, Uzubekistani, Tajikistani na Armeniya. (VOANews)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG