Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yavuze kuri uyu w’Imana ko reta yiwe itangura ibiganiro n’umuhari w’abaroberi w’aba Oromo muri Tanzaniya kuri uyu wa kabiri.
Buzoba bubaye ubwa mbere reta ya Etiyopiya itangaza kumugaragaro ivyo biganiro n’uwo muhari witwa Oromo Liberation Army (OLA) umaze imyaka urwanya reta.
Umuvugizi w’uwo muhari, Odaa Tarbii ntiyashotse aboneka kugira agire ico avuze kuri ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji wa mbere.
Umuhari OLA wiyonkoye ku wundi witwa Oromo Liberation Front, umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, wagarutse mu gihugu inyuma y’aho Abiy ashikiye ku butegetsi mu 2018. Uharanira agateka k’ubwoko bw’aba Oromo kandi uvuga ko reta yabakumiriye.
Umuhari OLA na reta bagirizanya ibitero bitari bike vyakozwe mu ntara ya Oromiya ya Etiyopiya. Niyo ntara ifise abanyagihugu benshi kandi yapfuyemwo abasivire benshi muri ivyo bihe vy’intambara. (Reuters)
Facebook Forum