Uko wahagera

Abakozi 2 b’Ishirahamwe CRS, Barishwe mu Ntara ya Amhara


Amhara region
Amhara region

Abakozi babiri b’ishirahamwe ry’abagiraneza ry’Abanyamerika, Catholic Relief Services (CRS), barishwe barashwe ku musi w’Imana mu ntara ya Amhara mu buraruko bushira uburengero bwa Etiyopiya. Iyicwa ryabo ryatangajwe n’iryo shirahamwe nyene kuri uyu wa mbere. Bikekwa ko imbarutso y’iyicwa ryabo ari ingingo reta iherutse gufata yo guhanagura inzego z’umutekano z’iyo ntara no kuzikoraniriza mu gisirikare kimwe c’igihugu.

Chuol Tongyik w’imyaka 37 yari ajejwe ivy’umutekano muri iryo shirahamwe hamwe na Amare Kindeya, umushoferi w’imyaka 43, barashwe batako bicirwa mu ntara ya Amhara.

Ishirahamwe CRS ryavuze ko barashwe bari mu modokari bariko basubira ku murwa mukuru Addis Ababa. Icatumye bicwa ntikiramenyekana.

Ku mugoroba w’uyu wa mbere, umuyobozi ajejwe ivyo gutumatumanako amakuru muri CRS, Kim Pozniak yavuze ko biciwe mu gisagara ca Kobo. Abanyagihugu bo muri ico gisagara bavuze ko humvikanye ibikoho binini binini vya muzinga ku musi w’Imana.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, ryanditse rivuga ko habaye gutana mu mitwe hagati y’igisirikare ca reta ya Etiyopiya hamwe n’inteko z’intara ya Amhara kuw’Imana. Ariko Pozniak ntiyavuze nimba abo bakozi babo bahitanywe n’iyo mirwano. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG