Uko wahagera

Etiyopiya Yipfuza Gushinga Igisirikare Kimwe c'Igihugu


Abasirikare ba Etiyopiya
Abasirikare ba Etiyopiya

Reta ya Etiyopiya yavuze kuri uyu wa kane ko ifise umugambi wo kwinjiza ibisirikare vyose vy’intara mu gisirikare kimwe c’igihugu canke igiporisi kiri hamwe. Uyu mugambi ushobora kubonwa nko kugerageza kugabanya ubwigenge bw’intara.

Etiyopiya igizwe n’intara 10 zisanzwe zitunganiriza ubutegetsi, zifise ibisirikare vyazo hamwe n’uburenganzira bwo gukoresha ururimi rwazo.

Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa kane, Reta ya Etiyopiya yavuze ko yihaye umurongo wo kwubaka igisirikare kimwe gikomeye. Yasiguye kandi ko yatanguye intambwe za mbere zemerera inteko zidasanzwe z’intara imwe yose kwinjizwa mu bisata bitandukanye bijejwe umutekano.

Amasaha make imbere y’iryo tangazo, ibimenyeshamakuru vyo mu ntara ya Amhara, vyatangaje ko habaye ugutana mu mitwe hagati y’igisirikare ca reta hamwe n’inteko zo muri iyo ntara. Bivuga ko intandaro yabaye ko akagwi kamwe mu nteko za Amhara kanse gutanga ibirwanisho nkuko vyemejwe mu masezerano y’amahoro no kwishira hamwe.

Abasirikare bo mu ntara ya Amhara barashigikiye inteko z’umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed mu kurwanya abaroberi bo mu ntara ya Tigreya igihe intambara yaduka mu 2020. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG