Uko wahagera

Burundi: Reta Yemeza ko Itazi Irengero rya Bunyoni


Alain Guillaume Bunyoni ( i Buryo). Ino foto yafatiwe mu ntara ya Cibitoke
Alain Guillaume Bunyoni ( i Buryo). Ino foto yafatiwe mu ntara ya Cibitoke

Umushikiranganji ajejwe umutekano mu Burundi aremeza ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu Alain Guillaume Bunyoni atawuzi irengero ryiwe.

Martin Niteretse avuga ko ibiro vy'umushikirizamanza kizigenza wa Republika biriko biramurondera. Ninteretse yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru cabereye mu biro i we ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Kuri uyu wa kabiri, ikinyamakuru Ikiriho cegereye ubutegetsi bw'Uburundi canditse kivuga ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yarafise umugambi wo kuzingamika igihugu akoranye na bimwe mu binyamakuru birimwo ivy’Abarundi n’Ababiligi.

Umwe mu banyamakuru Ikiriho cavuze ni Bob Rugurika, umuyobozi w’ikinyamakuru RPA gikorera mu buhungiro kuva gituriwe n’abantu bari mu myambaro y’inzego z’umutekano z’Uburundi mw’ijoro ry’uwa 13 ukwa gatanu 2015 umusi haba ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo mu Burundi.

Rugurika yarakoze amatohoza menshi ku bibazo vy’Uburundi muri aya mezi umunani n’imisi mike aheze Bunyoni akombowe. Kubw’uwo mumenyeshamakuru yigeze gufungwa kubera amatohoza ku mabi yakorwa mu Burundi yashize ahabona muri kahise, hari ibinyegezwa vyinshi na rirya 'biboneka ko kuva Bunyoni akombowe mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere ata gahengwe kabonetse ku bibazo vyari vyavuzwe ko ari we abitera.

Fyonda hasi wumve umwihwezo wa Bob Rugurika kuri micros z'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

Ubusesanguzi bwa Bob Rugurika kuri Dosiye ya Bunyoni
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:35 0:00

Amakuru yuzuzanya Ijwi ry’Amerika ryaronse kuva kuri uyu wa kabiri ni uko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Jenerali Alain Guillaume yoba yahungiye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Isakwa ryabaye ku nyubakwa zibiri za Jenerali Bunyoni ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura no mu ntara ya Rutana ritegetswe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika, Sylvestre Nyandwi icarivuyemwo ntikiratangazwa.

Ku mutahe wiwe ku musi wa mbere, ategeka gusaka amazu y’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, umushikirizamanza kizigenza yari yanditse ko yikeka ko hari ibifovya vy’amafaranga muri ayo mazu.

Alain Guillaume Bunyoni ni we Murundi umwe rudende kugera ubu afise ipete rya” commissaire de police General” ringana na Jenarali w’ingabo mu gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG