Uko wahagera

Alain Guillaume Bunyoni Yoba Yarahunze Uburundi


Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi.
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi.

Mu Burundi, amakuru yuzuzanya yemeza ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni, yoba yarahunze igihugu. Ejo ku wa mbere igipolisi n’igendereza vyarasatse ingo ziwe zibiri ziri i Bujumbura no mu Rutana.

Ku muhana wiwe i Bujumbura aho Jenerali Bunyoni asanzwe aba, Ijwi ry’Amerika ryabwiwe ko atari ho abapolisi n’abakozi b’igendereza bamusanze baja gusaka urugo rwiwe ejo ku musi wa mbere.

Amakuru ya nyuma ava mu masoko yegereye uwo mu jenerali yabwiye Ijwi ry'Amerika ko yamaze kuva mu gihugu yerekeza muri Tanzaniya. Intara ya Rutana (Aho abavyeyi biwe bamuka), ihana imbibe n’ico gihugu ca Tanzaniya. Ni yo ntara amasoko yacu avuga ko yaciyemwo, kuko ari akarere azi neza cane, kandi afise n’abamuyobora mu nzego z’umutekano.

Ikarata yerekana imbibe intara ya Rutana ihana n'igihugu ca Tanzaniya
Ikarata yerekana imbibe intara ya Rutana ihana n'igihugu ca Tanzaniya

Amasoko y'Ijwi ry'Amerika yemeza ko umugambi wo gufata Bunyoni wafatiwe mu ntara ya Cibitoke. Ayo masoko yagize ati:" Inama yo kumufata yari yakoresherejwe mu Cibitoke mu nyuma arabimenya. Ntawuzi uwamenye ibanga uwo ari we”. Ni ko amwe mu masoko yegereye umugambwe CNDD-FDD n’ibiro vy’umukuru w’igihugu yiganiye Ijwi ry’Amerika.

Bamwe mu begereye Jenerali Bunyoni, baganiye n’Ijwi ry’Amerika, ariko batifuje ko amazina n'amajwi yabo atangazwa, bavuze ko yari kuba yatawe muri yompi kuva agikurwa, mugabo reta itinya igitsure ca Tanzaniya.

Abahaye ano makuru abamenyeshamakuru b'Ijwi ry'Amerika batandukanye bakurikiranye ino dosiye, bashimangiye ko “Tanzaniya yoba yaragabishije Uburundi ko ishobora kubufatira ibihano birimwo ukubwima umuhora wo kuzana ibitoro hamwe bwohirahira bugafunga Bunyoni".

Kugera Ijwi ry'Amerika itangaza iyi nkuru, nta tangazo na rimwe ry’inzego z’igihugu riravuga ku bijanye n’uko Alain Guillaume Bunyoni yoba yahunze igihugu. Gusa, amasoko yo mu bushikiranganji bw’umutekano yari yemereye Ijwi ry'Amerika kuri uyu wa mbere ko kuva akuwe akagabanirizwa abajejwe umutekano, atari acitwaza abajejwe umutekano bari ku rugo iwe iyo asohotse i muhira.

Ijwi ry’Amerika ryifuje kumenya ico ubutegetsi buvuga kuri iyi nkuru, Desire Nduwimana, avugira igipolisi c’Uburundi atubwiye ko ari mw’ikonji ry’akazi ataco yoshikiriza. Gatoni Rosine Guilene, umuvugizi w’umukuru w’igihugu ari nawe iperereza rikukira ibiro vyiwe terefone yahamagara ariko ntiyitavye. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano Pierre Nkurikiye we twasanze amaze imisi mu butumwa bw’akazi hanze y’igihugu.

Amakuru y'uko Jenerali Bunyoni yoba yahunze Uburundi aje inyuma y'amezi umunani n’imisi mikeyi yari amaze akombowe mu mabanga y'Ubushikiranganji bwa Mbere bw'Uburundi.

Guhunga kwiwe bivuzwe mu gihe hari intwazangabo yari ikomeye mu vy’umutekano, iri mu minwe y’igendereza: Uwo ni Koloneli Desire Uwamahoro, yahora atwara igisata c’igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko BAE.

Iyindi ntwazangabo yari yafashwe irumvirizwa imbere yo kurekurwa ni Alfred Innocent Museremu. Iyi ntwazangabo Museremu kugera kuri uyu wa mbere yaramutswa igisata c’iperereza ryo hanze y’igihugu. Yasubirijwe na Colonel Pierre Claver Nzisabira yahora ari umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’igihugu y’umutekano.

Museremu yahora ajejwe igendereza ryo hagati mu gihugu. Ukuvanwa muri ayo mabanga yiwe ntivyamenyekanye bitewe n’uko ubu inyandiko zigena abakuru mu rwego rw’iperereza zigirwa ibanga cane.

Nivyaramuka bibaye impamo, Jenerali Bunyoni azoba abaye umushikiranganji wa mbere ahunze Uburundi kuva bwitwa izina. Azoba kandi abaye umutegetsi wa mbere wo ku rwego rwo hejuru ahunze intwaro ya Prezida Evariste Ndayishimiye bimanye ingoma mu mpera z’ukwa gatandatu ko mu 2020 inyuma y’urupfu giturumbuka rwa nyakwigendera Pierre Nkurunziza bompi bita “Sokuru w’Abarundi”.

Fyonda hasi usome ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Bunyoni Yoba Yarahunze Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:02 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG