Uko wahagera

Abahitanywe n'Amasasu y'Abagizi ba Nabi muri Nijeriya Bageze ku 33


Igitigiri c’abantu bahitanywe n’abagizi ba nabi bitwaje inkoho kimaze kugera kuri 33 mu buraruko bwa Nijeriya.

Ababibonye bavuga ko abantu bari bitwaje ibigwanisho bikomakomeye bateye ikigwati ca Runji mu gacimbiri ka Zangon igihe abanyagihugu bari baryamye, batangura kurasa. Abo bantu baciye baturira ico kigwati imbere y’uko abajejwe umutekano bashika gutabara.

Umwe mu bategetsi yatangaje ko igitigiri c’abasize ubuzima muri reta ya Kaduna kimaze gushika kuri 33 mu gihe amazu arenga kuri 40 yaturiwe. Francis Sani, umuyobozi w’ako gacimbiri yavuze ko abitavye Imana bamaze gufubwa mu gihe abarusimvye kw’icumu bariko baravugwa.

Nta murwi uratangaza ko ari wo wakoze ico gitero ariko abanyagihugu bavuga ko abagizi ba nabi bitwaje ibigwanisho bazwi nk’ababandi ari bo badomwako urutoke. Abo babandi ni bo baheruka gukora igitero nk’ico haciye imisi itatu, aho bagandaguye abantu 8 mu kigwati kiri hafi yaho.

Buramatari wa Kaduna Nasir El-Rufai yavuze kw’ico gitero kitagira insiguro kandi kidashobora kwemerwa. Umuvigizi w’igipolisi Mohammed Jalige yabwiye Ijwi ry’ Amerika ko abategetsi bariko barakora amatohoza ariko ntiyatomoye urugero rw’ivyononekaye. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG