Uko wahagera

Nijeriya: Abitwaje Ibirwanisho Barishe Abantu 74 muri Reta ya Benue


Umuporisi kw'izamu ahaba abataye ingo zabo i à Benue, hahagti hashira uburaruko bwa Nijeriya, kw'itariki ya 3/01/2018
Umuporisi kw'izamu ahaba abataye ingo zabo i à Benue, hahagti hashira uburaruko bwa Nijeriya, kw'itariki ya 3/01/2018

Abantu hafi 74 barishwe muri reta ya Benue, hagati hashira uburaruko bwa Nijeriya, mu bitero vy’abitwaje ibirwanisho vyabaye muri iyi ndwi. Abategetsi bo mu bice vyabereyemwo babivuze kuri uyu wa gatandatu. Ni ibitero bishasha vyongeye kuba muri ako karere gakunze kubamwo amatati hagati y’abarimyi n’aborozi.

Mu myake iheze uruhagarara rwariyongereye aho igwirirana ry’abantu rituma haca haronderwa kwongereza isi ndimwa. Ibi bica bituma aborozi babura aho baragirira ibitungwa vyabo.

Umuvugizi w’igiporisi co muri reta ya Benue, Catherine Anene yavuze ko ibiziga 28 vyatowe mw’ikambi y’abateshejwe ingo zabo ku karere k’i Mgban hagati y’imisi ya gatanu no kuwa gatandatu.

Imbarutso y’ubwo bwicanyi ntiyashotse imenyekana. Ariko abanyagihugu babibonye bavuze ko abitwaje ibirwanisho bashitse baca batangura kurasa, bica abatari bake.

Iki gitero cakurikiye ikindi cabaye muri iyo reta nyene ku musi wa gatatu, mu mihana y’i Umogidi na Otukpo. Hari igihe abakekwa kuba aborozi bica abanyagihugu bari ku maziko, nkuko bivugwa n’abategetsi.

Paul Hemba, umuhanuzi mu bijanye n’umutekano muri reta ya Benue, yavuze ko ibiziba 46 vyatowe inyuma y’igitero cabaye kuri uyu wa gatandatu.

Perezida Muhammadu Buhari, mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa gatandatu, yateye ivyatsi ivyo bitero vyabaye muri iyo reta. Yaciye ategeka abajejwe umutekano kwongereza amarondo mu bice vyatewe.

Ibitero vyinshi nk’ivyo mu turere twitereye kure muri Nijeriya ntibikunze kumenyekana kandi abajejwe umutekano ntibashoka bahashika vuba iyo bahamagawe n’abanyagihugu gutabara. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG