Uko wahagera

Nijeriya: Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abasivire Bashika 33 mu Buraruko


Ikarata yerekana reta ya Kaduna, muri Nijeriya
Ikarata yerekana reta ya Kaduna, muri Nijeriya

Umutegetsi muri Nijeriya avuga ko abantu bashika kuri 33 bishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Uwo mutegetsi yavuze kuri uyu w’Imana ko amazu arenga 35 yasambuwe mu ntureka zabaye ku mugoroba wo ku musi wa gatandatu mu gisagara ca Runji, muri reta ya Kaduna.

Abategetsi bo muri iyo reta bemeje ubwo bwicanyi ariko ntibashimye kuvuga ku gitigiri c’abapfuye. Nta muhari uriyitirira ubwo bwicanyi. Ariko imirwi y’abasuma ikunze kwagirizwa ibitero nk’ivyo muri ako karere, harimwo ukunyuruza abantu no kwica abasivire.

Mu ntango z’uku kwezi, abanyeshure 10 baranyurujwe mu karere kari ku kirere c’urugendo rw’iminota 30 uvuye ahabereye igitero co ku musi wa gatandatu.

Reta ya Nijeriya iracahanzwe n’ingene yotururuza ubwicanyi bubera mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG