Abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi muri Nijeriya bariko basaba igiporisi kijejwe iperereza kuvuga abanyeporitike bari mu mugambi wo gushinga reta mfatakibanza. Kubw’ico giporisi, uwo mugambi utumbereye kuburizamwo ihererekanya ry’ubutegetsi hagati ya Prezida Buhari na Bola Tinubu yemejwe ko yatsinze.
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi irabandanya guhakana ivyavuye mu matora yo mu kwezi kwa kabiri. Bola Ahmed Tinubu niwe yatangajwe ko yayatsinze.
Ku musi wa gatatu, igiporisi ca Nijeriya kijejwe iperereza catangaje ko bamwe mu banyeporitike bariko barategura gushiraho reta mfatakibanza imbere y’ihanahana ry’ubutegetsi kw’itariki ya 29 y’ukwa gatanu. Nticavuze ariko amazina y’abanyeporitike babirimwo, ariko cemeye kuzobafatira ingingo ziciye mu butungane.
Intsinzi ya Tinubu mu kibanza c’umukuru w’igihugu ntiyemewe n’imigambwe, People's Democratic Party na Labour Party, itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi. Yose uko ari ibiri yaritwaye muri sentare. Abakuru bayo bakunze guca ku matereviziyo y’abikorera utwabo bavuga ko intsinzi ya Tinubu itemewe n’amategeko.
Indorerezi zagiye gukurikirana ayo matora yo mu kwezi kwa kabiri zavuze ko atatunganijwe mu muco. Bemeza ko yabayemwo ubugizi bwa nabi, gutera ubwoba abayitabiriye, hamwe n’ibibazo bijanye n’ubuhinga vyatumye ateba gutangura. (VOA News)
Facebook Forum