Uko wahagera

Nijeriya: Abasivili 10 Bishwe Baguye mu Mutego wa Boko Haram


Abarwanyi ba Boko Haram
Abarwanyi ba Boko Haram

Umuvugizi w’igiporisi co muri reta ya Yoba mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya aho abo bantu biciwe, Dungus Abdulkarim yavuze kuri uyu wa gatandatu ko ubwo bwicanyi bwabereye i Buni Gari Gujba mu karere kagenzurwa na reta ku musi wa gatanu.

Yavuze ko umurwi w’abanyagihugu wisanze wakikujwe na Boko Haram igihe wariko urarondera umunyagihugu mugenzi wabo bari babuze irengero.

Gushika ubu ibiziga vy’abantu 10 nivyo bimaze gutorwa kandi abajejwe umutekano baciye barungikwayo ku bwinshi guhangana n’abo barwanyi, nkuko uwo muvugizi w’igiporisi abivuga.

Kibaye igitero gishasha gikozwe na Boko Haram muri ako karere aho abajejwe umutekano bamaze igihe bahangana n’uwo muhari.

Amashirahamwe mpuzamakungu y’abagiraneza avuga ko Boko Haram yatanguye ibitero mu mwaka wa 2009, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Umaze kwica abantu barenga 350.000 hamwe n’abashika imiriyoni zibiri bataye ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG