Uko wahagera

Abahoze ari Abarwanyi ba Boko Haram 600 Bagiye Gusubizwa mu Buzima Busanzwe


abakekwa kuba aba boko Haram mw'ibohero ry'i Kuje i Abuja, muri Nigeria kw'itariki ya 6/07/2022
abakekwa kuba aba boko Haram mw'ibohero ry'i Kuje i Abuja, muri Nigeria kw'itariki ya 6/07/2022

Abategetsi ba Nijeriya bavuga ko porogaramu yo gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi ba Boko Haram yagabanuye inguvu n’ubushobozi bw’uwo muhari. Abarwanyi hafi 600 bararonkejwe impapuro zemeza ko barangije iyo porogaramu mu mpera z’indwi iheze. Baranasavye kandi imbabazi abanyagihugu ku bikorwa bakoze.

Abategetsi na Nijeriya batanguye iyo porogaramu mu kwezi kwa gatandatu 2016, nk’umukenyuro wo kugabanya inguvu z’imihari y’iterabwoba, nka Boko Haram. Bavuga ko batatu mu barangije izo nyigisho bava muri Nijeri, Cadi, mu gihe abasigaye ari abanyanijeriya bava mu mareta ya Borneo, Adamawa, Yobe, Zamfara, Nijeri na Nassarawa.

Abategetsi bavuga ko abarwanyi ba Boko Haram baharurwa mu bihumbi barekuwe kuva mu 2019 kandi bariko barafasha mw’iterambere ry’imiryango mu kibano.

Boko Haram uri mu ntambara mu buraruko bwa Nijeriya kuva mu 2009. Iyi ntambara imaze guhitana ibihumbi vy’abanyagihugu kandi ica itandukira mu bihugu bibanyi vya Nijeri, Cadi na Kameruni.

Ku musi w’Imana, abategetsi bo mu gisirikare ca Nijeriya bavuze ko abarwanyi ba Boko Haram 51.000 hamwe n’imiryango yabo bishikanye ku gisirikare hagati y’ukwezi kwa ndwi 2021 n’ukwa gatanu, 2022. ((VOA News))

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG