Uko wahagera

PAM Igiye Kugabanura Imfashanyo Iha Impunzi Zahungiye mu Burundi


Zimwe mu Mpunzi Zahungiye mw'Ikambi ya Musasa iri mu ntara ya Ngozi mu Burundi
Zimwe mu Mpunzi Zahungiye mw'Ikambi ya Musasa iri mu ntara ya Ngozi mu Burundi

Impunzi ziba mu makambi atandukanye mu Burundi ntizibona uko zigiye kubaho inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ikigega c’ibifungurwa, PAM, ribamenyeshereje ko guhera muri kuno kwezi kwa kane ivyo bari bagenewe bizogabanuka ibice 50%. Basaba abagiraneza kutabaheba kuko n’ivyo bahora baronswa bitamara ukwezi.

Iyo nkuru y’incamugongo yamenyeshejwe n’ishirahamwe PAM kw’igenekerezo rya 30 rya kuno kwezi. Housainou Taal aserukira PAM mu Burundi yamenyesheje ko bakenye amafaranga arenga gato imiriyoni indwi z’amadorari ya Amerika mu kiringo c’amezi atandatu ari imbere kugira bashobore kubandanya bafasha impunzi zirenga 56.000 ziri mu makambi atanu mu Burundi. Izo mpunzi ahanini zigizwe n’Abanyekongo bahunga umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Kongo.

Uwuserukira impunzi mw’ikambi ya Musasa iri mu ntara ya Ngozi ibamwo impunzi 9.008, Mugemanyi Kabatiza, amenyesha ko PAM yahora ibaha ibiro 6 vy’umuceri, ikiro kimwe c’ibiharage, isabune zine, ikibiriti n’amafaranga y’amarundi 19.000.

Brigitte Ono amenyesha ko mu kurindira ko ababafasha baboneka, bazokwigisha impunzi uko zishobora kwibeshaho mu kwitaho ibikorwa vy’iterambere, na cane cane mu gushira hamwe inguvu n’uburyo impunzi zikironderamwo inyishu.

Mugemanyi Kabatiza arongoye impunzi aho mw’ikambi ya Musasa arashima impanuro za HCR ariko akamenyesha ko ubukene buri mu gihugu butaborohereza na gato. Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Désiré Hatungimana akorera Ijwi ry’Amerika.

Impunzi Zahungiye mu Burundi Zakiriye Gute Ingingo ya PAM?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:33 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG