Uko wahagera

Uburundi Ntibuzongera Kurungika Ibibazo vy'Abanyeshure mu Makambi y'Impunzi


Bamwe mu bakiri bato bahungiye muri Tanzaniya
Bamwe mu bakiri bato bahungiye muri Tanzaniya

Reta y'Uburundi yatangaje ko itazokongera na rimwe kurungika ibibazo vy'abanyeshuri baheza ishure nshingiro n'amashure yisumbuye mu makambi y'impunzi muri Tanzaniya. Abavyeyi, abarimu n'amashirahamwe aharanira agateka k'impunzi bavuga ko iyi ngingo ihonyanga agateka ka kiremwa muntu.

Francois Havyarimana, umushikiranganji ajejwe indero n’inyigisho mu Burundi yabitangaje kuri uyu wa mbere ku mugoroba mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji aramutswa muri aya mezi atatu ashize.
Hari mu biro iwe ku murwa mukuru w’ubutunzi, Bujumbura.

Imvo zibiri nyamukuru ni zo atanga: kuba impamvu zatumye impunzi zihunga zitakiriho no kuba ubushikiranganji butoshobora gutanga ibibazo vy’abanyeshure butigeze bukurikirana ku musi ku musi uko bahabwa ubumenyi.

Iryayazwe n’umushikiranganji Havyarimana ryaguye nabi abavyeyi bo mu Makambi y’impunzi. Uwavuganye n’Ijwi ry’Amerika ari mw’ikambi ya Nduta iri muri Tanzaniya asanga bisa n’uguhana abana bakazira abavyeyi babo bahunze igihugu kandi ata ruhara na rumwe babifisemwo.

Kuva mu mwaka wa 2015 Reta y’Uburundi ntirarungika ibibazo mu makambi y’impunzi. Ariko ntiyari bwatangaze ku mugaragaro ku itazongera kubikora.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika

Bamwe mu Bavyeyi Biyamiriza Ingingo y'Uburundi yo Kudasubura Kurungika Ibibazo mu Makambi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG