Uko wahagera

Uburundi Bwarungitse Intumwa Mu Rwanda Gusaba Impunzi Gutaha


Impunzi z'Abarundi mw'ikambi ya Mahama
Impunzi z'Abarundi mw'ikambi ya Mahama

Intumwa za reta y’Uburundi zagendeye kuri uno wa mbere impunzi ziba mu miji itandakanye y’u Rwanda. Ijambo zashikirije abaserukira abandi mu mpuzi nuko botaha mu gihugu cabo.

Izo mpuzi zeretse abo bategetsi ko zipfuza gutaha ariko ko intambamyi zikiri nyishi.

Izo ntumwa za reta y’Uburundi zaje zirongowe na André Ndayambaje, umunyamabanga ntayegayezwa mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ari kumwe n’umuyobozi mukuru ajejwe gutahukana impunzi, ba buramatari b’intara za Kirundo, Kayanza na Bururi.

Mu biganiro vyahuje izo mpande uko ari zibiri, uwo yaje arongoye izo ntumwa za reta yamenyesheje abaserukira izo mpuzi ko abazaniye ubutumwa bw’umukuru w’igihugu. Ubwo butumwa n’uko abahunze botahuka. Yamenyesheje izo mpunzi ko ata mpamvu zo kuguma mu buhungiro kandi amahoro yarabonetse mu Burundi.

Muri ivyo biganiro abo baserukira abandi bamenyesheje izo ntumwa za reta y’Uburundi ko icabatumye bahunga kitarahava arico gituma bakiri mu buhungiro. Patrice Ntadohoka aserukira impunzi ziba mu miji yashimiye reta y’Uburundi yagize uwo mutima wo kuza kuganira n’impuzi. Y

Ndayambaje yamenyesheje izo mpunzi ko ibibazo vyose bashikirije bazobishikana kandi akizera ko bizotorerwa umuti, abipfuza gutaha bagasubira mu babo.

Mu gihugu c’U Rwanda cakiriye impunzi nabo nyene barashima urwo rugendo rw’abategetsi b’Uburundi. Habinshuti Philipe, umunyamabanga uhoraho, mubushikiranganji ivyo bujejwe harimwo impunzi yamenyesheje ko ibikorwa vyabaye kuri uno wa mbere n’u Rwanda rwabikoze muri kahise kandi ko vyatanze umusaruro.

Uwo munyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi yamenyesheje impunzi ko bazotunganya igikorwa, impunzi zikaja kuraba uko vyifashe iwabo, zigaruke zibwire abandi uko basanze bimenze kugira abagifise amakenga baronke inkuru y’imvaho babwiwe n’abo bizeye.

Bitegekanijwe ko kuri uno wa kabiri izo ntumwa za reta y’Uburundi zigendera ikambi ya Mahama, zikazotahuka mu Burundi ku musi wa gatatu. Kuva mu mwaka 2015, Abarundi bahungiye mu Rwanda kubera ingorane za politike zadutse mu Burundi barenga gato 74,000, uno musi abarenga gato 34,000 bakaba bamaze gutahuka ku gushaka kwabo, nk’uko ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR, mu Rwanda rivyerekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG