Uko wahagera

Ubumwe bwa Afurika Bwipfuza Imiriyoni 90 zo Gucungera Umutekano muri Somaliya


Ambasaderi Bankole Adeoye, umuyobozi w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku bibazo vya politike, amahoro n’umutekano.
Ambasaderi Bankole Adeoye, umuyobozi w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku bibazo vya politike, amahoro n’umutekano.

Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika, ku musi wa gatatu, warasavye amadolari agera hafi y'imiliyoni 90 azokoreshwa mu bikorwa vy’inteko zijejwe gucungera umutekano muri Somaliya.

Ambasaderi Bankole Adeoye, umuyobozi w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku bibazo vya politike, amahoro n’umutekano, yabwiye abamenyeshamakuru ko inteko zijejwe gucungera umutekano zirenga 19.600 z’uwo muryango zitazoshobora kurangura amabanga yazo no gufasha Abanyasomaliya nk’uko bikwiriye. Kiretse amafranga akenewe abonetse.

Ambasaderi Adeoye yatangaje ko hamwe inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika zitoba zifise amafaranga akenewe kugira zishobore gukora neza mu kiringo c’amezi 21 ari imbere, inkwirikizi zoba zikomeye cane. Yavuze ko Ubumwe bwa Afrika budashaka ko amakungu ahagarika gukwirikirana hafi amabi amaze imyaka 20 abera muri Somaliya.

Uwo mutegetsi yamenyesheje ko reta ihari muri iki gihe muri Somaliya iriko ikora ivyo amareta y’imbere y’aho atakoze. Yaratanguje ibitero bikomeye ku barwanyi b’umurwi al-Shabab aho kwishinga kwivuna gusa. Avuga ko gutera intege inteko za Reta ya Somaliya mu bitero ziriko zikora ku barwanyi ba al-Shabab bikenewe cane.

Haraheze umwaka, urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwaremeje inteko nshasha z’ikiringo mfatakibanza z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika muri Somaliya zizwi kw’izina rya ATMIS. Izo nteko zishinzwe gufasha Abanyasomaliya gushika mu mpera z’umwaka w’i 2024, igihe inteko z’igihugu cabo zizoba zishoboye gucungera neza umutekano w’igihugu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG