Abasirikare ba Isirayeli bateye ikambi y’impunzi iri mu gisagara ca Jenin, mu ntara ya Sijordaniya kuri uyu wa kabiri, bica abanyepalestina batandatu. Abishwe barimwo umurwanyi wo mu muhari Hamas yari yitwaje inkoho. Akekwa kuba ari we yishe abahungu babiri b’abayahudi bavukana hafi y’akarere ka Huwara.
Ababonye ivyabaye kuri uyu wa kabiri bavuze ko ugutana mu mitwe kwatanguye inyuma y’aho ababa muri iyo kambi baboneye abasirikare ba Isirayeli. Baciye batangura kurasa bakeka ko nabo bagira baraswe.
Ubushikiranganji bwa Palestina bujejwe amagara y’abantu bwavuze ko abanyepalestina batandatu bishwe abandi 16 barakomereka.
Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, yasavye izo mpande zibiri guhagarika ukwicana. Eka n’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, Lloyd Austin, vyitezwe ko azotera akamo nk’ako mu rugendo rwiwe muri Isirayeli muri iyi ndwi.
Kuva mu ntango z’uyu mwaka, abasirikare ba Isirayeli bamaze kwica abanyepalestina barenga 70 bagizwe n’abarwanyi b’umuhari Hamas hamwe n’abasivile. Muri ico kiringo nyene abanyepalestina bamaze kwica abanyesirayeli 13 barimwo umukenyezi umwe yamuka muri Ukraine. (Reuters)
Facebook Forum