Uko wahagera

Umunyamerika Yarishwe mu Midugararo Muri Palestina


Ivyasambuwe inyuma y'aho umunyepalestina yiciye abanyesirayeli babiri hafi y'i Hawara
Ivyasambuwe inyuma y'aho umunyepalestina yiciye abanyesirayeli babiri hafi y'i Hawara

Uwukekwa kuba umunyepalestina yitwaje inkoho yishe umunyesirayeli afise ubwenegihugu bwa Amerika yari mu modokari mu ntara ya Sijordaniya kuri uyu wa mbere. Ni inyuma y’aho abayahudi baba mu matongo bigaruriye bashwabadukiye mu mihana y’abanyepalestina baterayo imidugararo. Ibi biriko bisubiza inyuma utwigoro twa Amerika two gusaba impande zishamiranye gukorera hamwe mu gucungera umutekano wabo.

Abategetsi ba Isirayeli bavuze ko abanyepalestina barashe amasasu abanyagihugu babo bari mu modokari, mw’ibarabara rikuru hafi y’igisagara ca Yeriko, bica umunyesirayeri yari mu modokari yiwe.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwavuze ko uwapfuye yari umunyamerika. Nta muhari n’umwe w’abanyepalestina uremanga ko ari wo wamwishe.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Amerika, Ned Price yaneguye ivyo bitero ku mpande zose. Yashimye akamo katewe n’umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu ko guhagarika ubwononyi n’ubwicanyi bikorwa n’abanyesirayeli. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG