Uko wahagera

Abashingamateka b'Uburusiya Bemeje Ingingo yo Kuva mu Masezerano ya Nikereyeli na USA


Inama nshingamateka y'Uburusiya ishashe i Moscou, kw'itariki ya 22/02/2023
Inama nshingamateka y'Uburusiya ishashe i Moscou, kw'itariki ya 22/02/2023

Inama nshingamateka na Sena z’Uburusiya zashigikiye kuri uyu wa gatatu ingingo ya Prezida Vladimir Poutine yo gukura Uburusiya mu masezerano ya nikereyeri na Amerika yo mu 2010 yiswe New START. Iyi ngingo Prezida Poutine yayifashe avuga ko yisunze uko ibihugu vyo muri OTAN, cane cane Amerika biriko biraha ibirwanisho vyinshi Ukraine ngo isubize inyuma Uburusiya. Ayo masezerano arangirana n’umwaka wa 2026.

Prezida Poutine yavuze ko Uburusiya budashobora kwemera ko Amerika igenzura ibibanza vyabwo vya nikereyeri mu gihe Amerika ubwayo na OTAN bavuze ko bwatsinzwe muri Ukraine.

Prezida wa Amerika, Joe Biden, yashikirije ijambo i Varsovie muri Polonye ari kumwe n’ibihugu vyo muri OTAN vyegereye Uburusiya. Yavuze ko ingingo ya Prezida Poutine yo kuvavanura n’ayo masezerano ari ikosha rikomeye.

Dmitry Medvedev, icegera c’umukuru w’akanama kajejwe umutekano mu Burusiya, yavuze kuri uyu wa gatatu ko iyi ngingo yafashwe n’Uburusiya isigura ko bwiteguye gukoresha ibirwanisho vya Nikereyeri kugira bwikingire.

Icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Ryabkov, yavuze ko Prezida Poutine ari we azobona nimba ari ngombwa ko igihugu ciwe gikwiye kuzosubira muri ayo masezerano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG