Uko wahagera

Poutine: Uburusiya Buravuye mu Masezerano ya Nikereyeri na Amerika


Misile balistike y'Uburusiya
Misile balistike y'Uburusiya

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Poutine kuri uyu wa kabiri yahagaritse amasezerano yumvikanye na Reta zunze ubumwe za Amerika ajanye n’ikoreshwa ry’ibisasu vya nikereyeri. Kuri uyu wa kabiri nyene Prezida wa Amerika Joe Biden yashikirije ijambo ko Uburusiya butazigera butsinda muri Ukraine.

Mw’ijambo yashikirije igihugu, Prezida Poutine yagirije kandi abanyaburaya na Amerika kuba ari bo batuma iyo ntambara irushiriza kuba mbi. Ni mu gihe hasigaye imisi ibiri imbere y’uko umwaka urangira atanguje ico yise ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare muri Ukraine. Yiyemeje ko Uburusiya buzobandanya kurwana gushika bugeze ku ntumbero nyamukuru bwihaye.

Prezida Poutine yavuze ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi birondera kubuhanagura ubutazosubira kubaho, ariko ko ibihano buriko burafatirwa bitazokora.

Amasezerano yo mu 2010 kuri nikereyeri hagati ya Amerika n’Uburusiya niyo yonyene yari agisigaye hagati y’ibihugu bibiri rutura mu birwanisho vy’ubumara bwa nikereyeri. Ariko ivyo bihugu uko ari bibiri bikunze kwagirizanya kutayubahiriza.

Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken yavuze ko iyo ngingo y’Uburusiya ibabaje ariko kandi ko Amerika igifise ishaka ryo kuganira kuri ico kibazo.

Ariko naho biruko, umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire Sergey Lavlov yavuze ko Uburusiya buzobandanya kwubaha ayo masezerano mu kiringo gisigaye imbere yuko yongera kunagurwa. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG