Uko wahagera

Perezida Joe Biden Yagendeye Ukraine mu Rugendo Rutari Rwitezwe


Perezida Joe Biden wa Leta zunze ubumwe z'Amerika (i bumoso) ari kumwe na Volodymyr Zelenskyy wa Ukraine mu ngoro ya Mariinsky mu ruzinduko rutunguranye yagiriye i Kyiv kuri uyu wa Mbere taliki 20/2/ 2023.
Perezida Joe Biden wa Leta zunze ubumwe z'Amerika (i bumoso) ari kumwe na Volodymyr Zelenskyy wa Ukraine mu ngoro ya Mariinsky mu ruzinduko rutunguranye yagiriye i Kyiv kuri uyu wa Mbere taliki 20/2/ 2023.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden uno musi ku wa mbere yagize urugendo rutari rwatangajwe mu gihugu ca Ukraine, imisi mikeyi imbere y'uko ico gihugu cibuka umwaka uzoba urangiye gitewe n'Uburusiya.

Prezida Biden yatangaje ko yagize urwo rugendo kugira yerekane ko Amerika ishigikiye ubwigenge bwa Ukraine, n’iyubahirizwa ry’imbibe z’ico gihugu. Mw’ijambo yashikirije ari kumwe na prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky ku murwa mukuru, Kiev, Prezida Biden yatangaje ko umwaka umwe inyuma y’uko Uburusiya butanguye ibitero umurwa mukuru, Kiev, igihugu hamwe na demokrasi bigihagaze.

Prezida Biden yatangaje kandi imiliyoni 500 y’amadolari Amerika igiye guha Ukraine, harimwo ibisasu bikoreshwa na vya muzinga n’ibirwanisho bisambura ibimodoka vyo mu bwoko bwa burende. Yongeye kandi avuga ko Amerika izotangaza ibindi bihano bishasha ku Burusiya muri iyi ndwi.

Prezida wa Ukraine yashimiye Biden kuba yaje mu gihugu ciwe mu gihe gihambaye.

Amafirimbi y’ukugabisha abanyagihugu ku bitero vya misile z’Uburusiya yumvikanye ku murwa mukuru, Kiev no mu bindi bice vya Ukraine mu gihe Biden yari muri urwo rugendo. Harimwo igihe Prezida Zelensky na Prezida Biden bagendera Katedrale yo ku murwa mukuru, Kiev. Abo bategetsi bompi bashize urugori rw’amashurwe ku ruhome rw’icibutso c’intwari zahitanywe n’ibitero Uburusiya buriko bukora muri Ukraine.

Bitegekanijwe ko Prezida Biden azoja muri Polonye aho azoshikiriza ijambo ejo ku musi wa kabiri, ku murwa mukuru, Varsovie ku twigoro tw’Amerika two kujijura amakungu kugira abandanye ashigikira Ukraine. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG