Uko wahagera

Amerika Igabisha Uburusiya ku Vyaha "Ndengerabutungane" Iriko Ikora muri Ukraine


Visi prezida w'Amerika, Kamala Harris
Visi prezida w'Amerika, Kamala Harris

Reta zunze Ubumwe z’Amerika zavugiye ku mugaragaro ko Uburusiya bwakoze ivyaha vy’agahomerambunwa na ndengerabutungane muri Ukraine.

Visi prezida w’Amerika, Kamala Harris yabivugiye mu nama mpuzakungu ku vy’umutekano iriko ibera mu gisagara ca Munich mu Budagi.

Kamala Harris yabwiye abategetsi bari muri iyo nama ati: “ Twarasuzumye ivyemezo vyose twitonze. Ivyaha Uburusiya bumaze umwaka wose bukora bija mu murwi wa ndengerabutungane. Reka mbwire abariko barabikora na ba sebuja babibatuma: Muzobibazwa bitebe bitebuke”

Hagati aho, prezida wa Ukraine muri iyo nama yasavye amakungu gufasha igihugu ciwe mu vya gisirikare, yumvikanisha ko amakungu atabikoze azoba atereranye ico gihugu.

Igenekerezo rya 24 uku kwezi, umwaka uzoba urumanye Uburusiya butanguye gutera Ukraine: Amakungu yiteze ko uwo munsi, Uburusiya buzomijagura imvura y’ibisasu ku butaka bwa Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG