Uko wahagera

Uburusiya Bwagavye Ibindi Bitero vya Misile muri Ukraine


Inteko z'Uburusiya zakoze ibitero vya misile mu bice bitandukanye vyo muri Ukraine uno musi ku wa kane. Umuntu umwe yahasize ubuzima

Abategetsi ba Ukraine batangaje ko ibigwanisho vyo kwivuna umwansi bakoresheje bwakoroye misile 16 kuri 36 zarashwe n’Uburusiya. Ibitero vy’uno musi ku wa kane bibaye mu gihe igihugu ca Norveje cemereye Ukraine imfashanyo yo mu kiringo c’imyaka 5 igera ku miliyaridi 7 y’amadolari.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yatangaje ko ingingo ya Norveje ituma ico gihugu hamwe n’igihugu ciwe bikomera kurushiriza, kandi ko Uburusiya butazoshobora gusambura ubumwe bw’abo bose bashira imbere ubwigenge.

Abategetsi ba Ukraine baragabishije ko Uburusiya bushobora gukora ibitero bishasha ku gihugu cabo mu gihe co kwibuka umwaka urangiye Uburusiya butanguye gukora ibitero muri Ukraine kuriko kiregereza. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yaratangaje mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu, ko igihugu ciwe kizotesha imigambi y’Uburusiya y’ivyo bitero bishasha.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Lloyd Austin, yaratangaje ku musi wa gatatu ko Ukraine ari yo ishobora kwitanga Uburusiya mu gukora ibitero bishasha ku nteko z’ico gihugu. Austin yavuze ko hari amahirwe menshi ko Ukraine izokwerekana ubudasa bukomeye ku rugamba mu gufata iya mbere mu bitero bishasha. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG