Uko wahagera

Ubwicanyi Bushingiye ku Matora Buriyongera muri Nijeriya


Umuporisi ku gituro ca tereni i Abuja, muri Nijeriya, kw'itariki 5/12/2022.
Umuporisi ku gituro ca tereni i Abuja, muri Nijeriya, kw'itariki 5/12/2022.

Muri Nijeriya, komisiyo ijejwe amahoro mu gihugu yavuze ko ubugizi bwa nabi bushingiye ku matora burushiriza kwiyongera mu gihe igihugu gitegekanya amatora kw’itariki ya 25 z’uku kwezi kwa kabiri.

Mu myiyamamazo yabaye mpera z’indwi irangiye, abantu bitwaje ibirwanisho barateye abajejwe umutekano bari bakingiye umukandida arondera ikibanza c’icegera ca prezida. Abaporisi batatu barahasize ubuzima.

Mu yindi myiyerekano, abanywanyi b’imigambwe baratewe n’abitwaje imipanga, bakomeretsa abatari bake bongera bonona imodokari zabo.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yasavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha gutohoza kuri ubwo bwicanyi bushingiye ku matora no guhana abazokwagirwa n’ivyo vyaha.

Kuri uyu wa mbere, komisiyo ijejwe amatora muri Nijeriya yavuze ko amatora atazoba mu bibanza 240 mu mareta 28, kuko atabiyandikishije gutorera muri utwo turere. Abanyagihugu bavuga ko babikoze ku mvo z’umutekano.

Kuri uyu wa mbere kandi, prezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yemereye igiporisi imodokari nshasha, inkoho zigezweho hamwe n’ibikoresho vyo kwikingira abakora imyiyerekano. Ivyo bikoresho avuga ko bizofasha igiporisi ca Nijeriya guhangana n’abahungabanya umutekano mu gihugu cane cane mu bihe vy’amatora(VOA News).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG