Uko wahagera

Igisirikare ca Amerika Cishe aba Al Shabab 12 muri Somaliya


Abarwanyi ba al-Shabab mu modoka bariko bitegura kuja i Mogadishu, muri Somaliya, mu kwezi kwa 12/08/2008.
Abarwanyi ba al-Shabab mu modoka bariko bitegura kuja i Mogadishu, muri Somaliya, mu kwezi kwa 12/08/2008.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika catangaje kuri uyu w’Imana ko abarwanyi 12 ba al-Shabab bishwe mu gitero c’indege gishasha cagavye hagati muri Somaliya.

Igisirikare ca Amerika kiri ku mugabane wa Afrika kizwi nka AFRICOM cavuze ko ico gitero cakozwe ku musi wa gatanu, bisabwe na reta ya Somaliya. Igisirikare AFRICOM kivuga kandi ko cabereye mu karere kitereye ka kure, hafi ku birometero 45 vy’igisagara ca Hobyo kiri kw’ibahari ya Indiyana. Ako karere kari hafi ku birometero 472 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Mogadishu.

Reta ya Somaliya yo yavuze ko hapfuye abarwanyi ba al shabab 117 muri ico gitero co ku musi wa gatanu.

Umukomanda w’igisirikare ca Somaliya kirwanira ku butaka, Brigadier General Mohamed Tahlil Bihi yabwiye ikimenyeshamakuru ca reta ko abo ba al shabab bishwe bariko bararwanya inteko za reta.

Igisirikare ca Amerika kivuga ko ata musivile yahasize ubuzima canke yakomeretse kandi bagitororokanya igitigiri nyaco c’abishwe.

Kibaye igitero ca gatatu gikozwe n’igisirikare ca Amerika muri Somaliya aho umwaka ugeze ubu.

Reta ya Somaliya yariyemeje gutera al shabab kugira iyinyage uturere twose yigaruriye. Amerika hamwe Turukiya biriko birafasha igisirikare ca Somaliya mu bitero vy’indege. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG