Uko wahagera

Abategetsi bo mu Karere Biyemeje Kurwanya Al Shabab


Abaperezida bo mu karere Somaliya irimwo
Abaperezida bo mu karere Somaliya irimwo

Abaprezida bo mu karere Somaliya iherereyemwo bahuye kuri uyu wa gatatu, baganira ku rugamba rwo kurwanya al-Shabab. Iyi nama y’umutekano yabaye hagati ya William Ruto wa Kenya, Omar Guelleh wa Jibuti, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed hamwe na prezida wa Somaliya yabakiriye, Hassan Sheikh Mohamud. Ni mu gihe reta ya Somaliya n’abayishigikiye bongereje inguvu mu kurwanya uwo muhari.

Mu mwaka uheze, Somaliya yarateye intambwe ku rubuga rw’intambara mu kwigarurira ibice bimwe bimwe Al Shabab yari yarifatiye. Eka n’uwo muhari warongereje ibitero vyo kwihora.

Kuri uyu wa gatatu ibisasu bitatu vya morotiye vyaguye hafi y’ikirimba ca perezida i Mogadishu, imbere y’uko abo bategetsi bo mu karere bahura.

Nta muntu yapfuye canke ngo akomeretswe n’ico gitero al-Shabab yigamvye.

Umushikiranganji wa Somaliya wo kumenyesha amakuru, Daud Aweis, yabwiye abamenyeshamakuru i Mogadishu ko abo bategetsi baganiriye ku twigoro turiko turakorwa n’igisirikare ca Somaliya kugira hagaruke amahoro mu karere.

Kenya, Jibuti na Etiyopiya biriko biraterera mu nteko z’ubumwe bwa Afrika ziri muri Somaliya.

Urwandiko rwasozereye iyo nama rwavuze ko ivyo bihugu vyo mu karere vyemeye gutororokanya uburyo bwo gufasha igisirikare ca Somaliya muri urwo rugamba.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yashinze ko inteko z’ubumwe bwa Afrika zizoba zavuye muri Somaliya mu kwezi kwa cumi na kabiri 2024. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG