Reta mfatakibanza muri Mali kuri uyu w’Imana yavuze ko umukuru ajejwe ivy’agateka ka muntu mu murwi wa ONU uri kubungabunga amahoro n’umutekano muri ico gihugu yahawe amasaha 48 yo kuzoba yavuye mu gihugu.
Guillaume Ngefa-Atondoko Andali yagirizwa kuba yaragize aho yegamiye mu guhitamwo ivyabona mu cegeranyo yashikirije kuri Mali mu kanama ka ONU kajejwe umutekano kw’itariki ya 27 z’ukwa mbere.
Umurwi wa ONU muri Mali, MINUSMA ntiwashotse ugira ico uvuze kuri iyo ngingo ya reta.
Abategetsi ba Mali bamaze igihe bagirizwa guhungabanya agateka ka muntu, vyakozwe n’inteko za reta zifadikanije n’abacangero b’abarusiya bo mu murwi
Wagner.
Kw’itariki ya 31 z’ukwa mbere, abahinga ba ONU basavye amatohoza yigenga ku bishoboka kuba ivyaha vyo mu ntambara n’ivy’ihungabanwa ry’agateka ka muntu vyoba vyarakozwe n’iyo mirwi ibiri y’abasirikare. (Reuters)
Facebook Forum