Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Umuhari Wagner


Ifoto yerekana abarwanyi b'umuhari w'abacangero b'Uburusiya, Wagner mu buraruko bwa Mali
Ifoto yerekana abarwanyi b'umuhari w'abacangero b'Uburusiya, Wagner mu buraruko bwa Mali

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken yatangaje kuri uyu wa kane urundi rukurikirane rw’ibihano ku bantu bafise aho bahuriye n’ikompanyi y’Abarusiya ikora gisirikare ya Wagner. Barimwo umukuru wayo hamwe n’ayandi makompanyi bikorana. Bahowe kuba bari mu ntambara muri Ukraine no kwica abasivile.

Blinken yavuze kandi ko ubushikiranganji arongoye bwafatiye ibihano abantu batatu ku ruhara bagize nk’abategetsi b’igisata c’amabohero mu Burusiya. Ico gisata cagirizwa gutororokanya abanyororo binjizwa muri uwo mugwi Wagner no kubarungika kurwana muri Ukraine.

Hambavu y’ivyo, uwo mushikiranganji yavuze ko ubushikiranganji bw’ubutunzi bwashize Wagner ku rutonde rw’imihari y’abicanyi, mu bikorwa vyayo muri Afrika. Wagirizwa gukubagura abamenyeshamakuru, abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza, abo mu moko y’inkehwa no gutera ubwoba abasirikare ba ONU muri Centrafrika. Wagirizwa kandi gufata abagore ku nguvu n’ubwicanyi muri Mali. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG