Uko wahagera

Mali Yarekuye Umukozi wa OMS Yari Yarapfunze


Umuvugizi w’ishirahamwe OMS, Abdoulaye Cisse, yatangaje ko umukozi w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, yari apfungiwe muri Mali yarekuwe.

Dogiteri Mahamadou Diawara, yarekuwe ku musi wa kane mu gisagara ca Gao kiri buraruko bwa Mali, inyuma y’uko anyurujwe n’abantu batamenyekanye. Umuvugizi wa OMS, Cisse, yavuze ko ishirahamwe OMS ryakoze ibishobotse vyose kugira ngo anyarukanwe ku murwa mukuru, Bamako. Nta birenga aho yamenyesheje ku vyerekeye ukugene yarekuwe.

Diawara yanyurujwe ari mu modoka yiwe mu kwezi guheze mu gisagara ca Menaka aho yari amaze imyaka 3 akorera ishirahamwe OMS. Yavura abanyagihugu bo muri ico gice kiri kure mu gihugu kandi kirangwamwo umutekano muke n’ubwicanyi.

Mali imaze imyaka itari mike ihanganye n’umugumuko w’intagondwa z’abayislamu bakorana n’umurwi al-Qaida na reta ya kiyislamu. Izo ntagondwa ziranyuruza abantu kugira zisabe ingwati mu ntunmbero yo kuronka amafranga zikoreshwa mu bikorwa vyazo.

Naho ata murwi uratangaza ko ari wo wanyuruje Dogiteri Mahamadou Diawara, kuba yarekuwe vyerekana ko bisa n’uko yari yafashwe n’abarwanyi ba reta ya kiyislamu, bakorera mu karere yanyururijwemwo, nk’uko bitangazwa n’abahinga mu bijanye n’intambara. Abanyamahanga 25 n’igitigiri kitazwi c’Abanyamali baranyurujwe mu karere ka Sahel kuva mu mwaka w’i 2015. (AP)

XS
SM
MD
LG