Uko wahagera

Abakuru b'Ibihugu Bigize EAC Basavye Ko Ingwano Muri Kongo Zihita Zihagarara


Inama y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'Afurika y'Iburasirazuba
Inama y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'Afurika y'Iburasirazuba

Inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko igira iya 20 yateranye kuri uno wa gatandatu i Bujumbura mu Burundi irongowe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi. Muvyo bapfunditse harimwo ko intambara ziri mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo zihagara iyo nama ikirangira.

Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yatumyeko iyo nama yashimiye abakuru b’ibihugu ko bamwitavye. Yabamenyesheje ko yabatumiye kubera arajwe ishinga n’umutekano muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabamenyesheje ko ari ngombwa ko barabira hamwe uko umutekano wifashe muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo. Perezida Ndayishimiye yameyesheje bagenziwe ko ikibaraje ishinga ari uko akarere ka Afrika y’ubuseruko korangwamwo amahoro kandi ko yizeye adakekeranya ko bose ariko babibona.

Mw’itangazo risoza inama Ijwi ry’Amerika rifitiye kope hagaragaramo ko hapfunditswe ko kugira amahoro atsimbatare mu buseruko bwa Kongo ari uko intambara zihagarara hagati y’igisirikare ca Kongo n’umuhari M23 iyo nama ikirangira.

Hapfunditswe kandi ko ibihugu vya Sudani y’ubumanuko, Ouganda n’Uburundi vyemeye kurungika ingabo muri Kongo ko zica zirungikwayo vuba na bwango nkuko tubisanga muri iryo tangazo kandi igihugu ca Kongo kigafasha kugira izo ngabo zishike muri ico gihugu neza kandi zikore akazi kazo neza.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu nkuko tubandanya kubisoma muri iryo tangazo nuko isaba ko ivyapfunditswe vyose n’abakuru b’ibihugu bigomba gushirwa mu bikorwa ata na kimwe kivuyemwo kandi ko amasezerano yose yapfunditswe ku rwego mpuzamakungu n’urw’akarere bigashirwa mu ngiro, amategeko yose atangwa n’abakuru b’ibihugu akumvirwa.

Iyo nama yitabiriwe n’abakuru b’ibihugu vya Ouganda, Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, Kenya, Tanzaniya, Uburundi, U Rwanda. Sudani y’ubumanuko ikaba yaserukiwe n’umushikiranganji wa Afrika y’ubuseruko, umukuru w’igihugu akaba afatiriwe n’urugendo rwa Papa muri ico gihugu.

Inyuma y'inama Prezida Evariste Ndayishimiye yakiriye mugenzi w'u Rwanda Paul Kagame mu biganiro
Inyuma y'inama Prezida Evariste Ndayishimiye yakiriye mugenzi w'u Rwanda Paul Kagame mu biganiro

Perezida w’u Rwanda Paul Kagame ari ubwa mbere ahonyoye mu Burundi inyuma yuko ingorane za politike zaduka mu Burundi mu mwaka 2015, niwe abarundi benshi bagarutseko ku mbuga ngurukana bumenyi.

Benshi bamenyesha ko banezerewe kubona uwo mukuru w’igihugu yishikira mu Burundi ikigaragaza ko ibibazo hagati y’Uburundi n’u Rwanda vyadutse aho mu mwaka 2015 vyarangiye.

Abakurikiranira politike hafi muri kano karere k’ubuseruko bamenyesha ko ivyo vyapfunditswe atamwizero munini bibaha ngo kuko si ubwa mbere abashamiranye basabwa guhagarika intambara ariko ntibije mu ngiro.

Bamenyesha ko atanakimwe kibereka ko ivyapfunditswe kuri uno wa gatandatu bitazoba impfagusa nkivyapfundikiwe Luanda, Kenya na Sharm El Sheikh.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG