Uko wahagera

RDC Isabwa Kwisigura ku Kwirukana Abasirikare b'u Rwanda mu Nteko za EAC


Basoda ba Kenya na motuka na Goma, Nord-Kivu, 16 novembre 2022.
Basoda ba Kenya na motuka na Goma, Nord-Kivu, 16 novembre 2022.

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika, EAC, risaba Repuburika ya demokarasi ya Kongo kwisigura ku ngingo yafashe yo kwirukana abasirikare b’u Rwanda bari mu biro bikuru vy’inteko za EAC zifise icicaro gikuru i Goma.

Ibi biri mu rwandiko umunyamabanga mukuru w’uwo muryango, Dr Peter Mutuku Mathuki, yandikiye icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire wa Kongo, Christophe Lutundula Apala Pen’ Apala.

EAC ivuga ko yamenye kandi iterwa n’amakenga n’amakuru ko kw’itariki 30 z’ukwa mbere, 2023, abofisiye batatu b’u Rwanda bari muri izo nteko z’akarere birukanwe n’ubutegetsi bwa Kongo. EAC yibukije ico gihugu ko irungikwa ry’abo basirikare ryumvikanyweko n’abakuru b’ibihugu vyo muri uyo muryango, aho bari mu nama ya COP 27 yabereye i Sharm El Sheik muri Misiri kw’itariki ya 7 ukwezi kw’icumi na rimwe.

Yibukije kandi ko kw’itariki ya 8 ukwezi kw’icenda 2022 Repuburika ya demokarasi ya Kongo yasinye amasezerano yo kwohereza inteko z’akarere mu buseruko bw’igihugu. Ayo masezerano yemereye abari muri izo nteko kugira ubudahangarwa no kworoherezwa mu kazi kabo ka gisirikare.

Kw’itariki ya 30 z’ukwa mbere, ibiro bikuru vy’igisirikare ca FARDC vyarasohoye itangazo rivuga ko abasirikare b’abofisiye b’u Rwanda bo mu nteko za EAC basabwe kuva ku butaka bwa Kongo. Iryo tangazo ryavuga ko ari ingingo ifashwe ku mvo z’umutekano. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG