Uko wahagera

Abishwe n'Igitero c'Iterabwoba muri Pakistani Bashitse Kuri 61


Abishwe na bombe ku musigiti muri Pakistani

Igitigiri c’abantu bahitanywe na bombe mu musigiti wo mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistani kuri uyu wa mbere, caduze gushika ku bantu 61 n’abarenga 15 bakomeretse.

Igiporisi kivuga ko ico gitero cakozwe n’umwiyahuzi cabaye inyuma ya sa sita, mu gisagara ca Peshawar kiri hagati na hagati mu gihugu. Ni umurwa mukuru w’intara ya Khyber Pakhtunkhwa.

Umutegetsi mukuru mu giporisi mu gisagara ca Peshawar yemeje ico gitigiri, yongera avuga ko afise ubwoba ko hakiri abandi batazwi irengero hamwe n’ibiziga bitaramanyekana.

Abategetsi b’ibitaro vyo muri ico gisagara bemeje ko bakiriye abatari bake bakomeretse kandi bababaye cane. Abishwe nka benshi bari imiryango y’abaporisi b’iyo ntara.

Uwo musigiti wasengeramwo abajejwe umutekano hamwe n’abategetsi bo muri reta. Nta n’umwe ariyitirira ico gitero.

Iyo ntara ya Pakistani ihana urubibe na Afuganistani kandi yarakunze kugabwamwo ibitero vy’iterabwoba mu mezi aheze. Umuhari uzwi nka Tehreek-e-Taliban Pakistan (TTP), warigamvye vyinshi muri ivyo bitero. Uharanira gukuraho reta iriho ukayisubiriza ubutegetsi bwawo bwite bugendera ku migenzo n’imitegekere ya kiyisilamu. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG