Uko wahagera

Imishamirano Hagati ya Pakistani na Afuganistani Yahitanye Abasivile 7


Abantu bakoraniye inyuma y'ikamyo yasambuye n'ibitero vya Afuganistani, i Chaman, mu gisagara ca Pakistani hafi y'urubibe rwa Afuganistani, kw'itariki ya 11/12/2022
Abantu bakoraniye inyuma y'ikamyo yasambuye n'ibitero vya Afuganistani, i Chaman, mu gisagara ca Pakistani hafi y'urubibe rwa Afuganistani, kw'itariki ya 11/12/2022

Ugutana mu mitwe kwabaye hagati ya Pakistani na Afuganistani kuri uyu w’Imana kwahitanye abantu indwi hamwe n’abarenga 30 bakomeretse.

Igisirikare ca Pakistani cavuze ko iyo mirwano yabereye mu gisagara ca Chaman, ku rubibe rwo mu bumanuko bushira uburengero, aharabana n’intara ya Kandahar ya Afuganistani. Cavuze kandi ko iki gitero cishe abasivile batandatu ba Pakistani n’abandi 17 bakomeretse.

Itangazo ry’igisirikare ryavuze ko abasirikare b’Abatalibani bacungera imbibe buguruye umucanwa w’amasasu mu bice bibamwo abasivile muri Pakistani. Iri tangazo rivuga kandi ko abasirikare ba Pakistani bihoye nabo barungika amasasu muri Afuganistani ariko birinda kuyatumbereza mu tuerere tubamwo abasivile.

Afuganistani na Pakistani bifitaniye amatati y’urubibe rungana hafi ibirometero 2,600 kuva mu 1947.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG