Uko wahagera

Ubudagi Bwanse Kuzorungika Indege z'Intambara muri Ukraine


Indege y'intambara y'Ubudagi
Indege y'intambara y'Ubudagi

Shanseliye w’Ubudagi Olaf Scholz yavuze kuri uyu w’Imana ko Ubudagi butariko burarungika indege z’intambara muri Ukraine. Yabivuze yishura akamo Ukraine yateye isaba abanyaburaya ibirwanisho vy’ubuhinga bugezweho vyoyifasha kwirukana Uburusiya.

Scholz yemeye gusa ku musi wa gatatu kurungika muri Ukraine ibiduga 14 vya bulende vyiswe Leopard 2, inyuma y’ibiganiro vyamaze indwi hagati y’ibihugu vyo muri OTAN bifadikanije gufasha Ukraine.

Ingingo Scholz yafashe yo kurungika ibiduga vya bulende yakurikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika yemeye ko nayo izorungika bulende 31 zifise ubuhinga bwa none.

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yarashimiye Ubudagi na Amerika kuri izo ngingo vyafashe, ariko aca asaba ko banamurungikira indege z’intambara na misile zirasa ikirere kirekire.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Scholz yagabishije ko intambara ishobora gutandukira mu bihugu vya OTAN kuko Uburusiya bumaze gushavuzwa na bulende zigiye kuzorungikwa muri Ukraine. Yavuze ko batazokwemera gusomborotsa intambara n’Uburusiya. Asaba ko hakwiye kubandanya ibiganiro n’Uburusiya kugira intambara ishobore guhagarikwa. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG