Uko wahagera

Ingabo za Ukraine n’iz’Uburusiya Zarwanye Cyane


Ukraine uno musi ku wa gatanu yatangaje ko yatanye mu mitwe n'inteko z'Uburusiya zariko zigerageza kwirukana izayo mu bibanza zirimwo mu buseruko.
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ukwo gutana mu mitwe kwerekana ko bakeneye ibindi birwanisho kugira batuze ababateye.

Bamenyesheje ko ingwano ikomeye iriko iraba, umusi umwe inyuma y’uko abantu 11 bishwe n’ibitero vya misile n’indege zitagira abadereva bita drone. Ukraine ivuga ko ivyo bitero vyabaye inyishu ku ngingo y’ibihugu bicuditse n’ico gihugu vyatanze yo kukirungikira ibimodoka bikomeye vya gisirikare vyo mu bwoko bwa blinde.

Inyuma y’imisi itari mike yo kugonanwa, Ubudagi na Reta zunze ubumwe za Amerika muri iyi ndwi vyaratangaje ko bizorungikira Ukraine ibimoboka vya gisirikare bikomeye bigezweko kugira bifashe ico gihugu gutuza inteko z’Uburusiya. Bizotuma ibindi bihugu bibigenza nk’uko.

Impande zompi mu ngwano zitezwe ko zitangura ibitero bikomeye mu gihe c’inyuma y’ubukanye, n’aho abategetsi ba Amerika bahanuye Ukraine kutabikora gushika ibirwanisho ico gihugu giherutse kwemererwa bimaze gushika, hamwe
n’abazobikoresha bamaze kumenyerezwa. Ibintu abahinga babona ko bizoshobora gufata amezi ari hagati y’atandatu n’umunane. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG