Uko wahagera

Monusco Itangaza ko Imirwano Yongeye Kwaduka Hagati ya FARDC na M23


Abasirikare ba Kongo, FARDC
Abasirikare ba Kongo, FARDC

Muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, umurwi wa ONU uriyo kubungabunga amahoro n’umutekano (MONUSCO) uvuga ko mu buseruko bw’ico gihugu ivy’umutekano birushiriza kuyangara. ONU ivuga ko igisirikare ca Kongo, FARDC catanye mu mitwe n’umuhari M23 mu bumanuko no mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara Kitchanga, mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Habaye imirwano kandi muri Kishishe, ku birometero 25, mu buraruko bushira uburengero bwa Rutshuru, ahakoreshejwe n’ibirwanisho biremereye cane.

ONU ivuga ko uku gutana mu mitwe kubaye haheze imisi ibiri M23 iteye ibirindiro vy’igisirikare ca Kongo mu burengero bwa Rutshuru, bituma abantu hafi 4300 bata ingo zabo.

Ejo kuwa gatatu, MONUSCO yavuze kandi ko haturitse igisasu mu gisagara ca Beni. Abasivile bashika kuri 18, barimwo abagore 13, barakomeretse. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG