Uko wahagera

Prezida Tshisekedi: M23 Ntirava mu Bice Yafashe


Abarobeli ba M23 baba mu gace ka Kibumba, hafi ya Goma, mu ntara ya Kivu y'uburaruko
Abarobeli ba M23 baba mu gace ka Kibumba, hafi ya Goma, mu ntara ya Kivu y'uburaruko

Prezida wa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi yavuze kuri uyu wa kabiri ko umuhari w’abarobeli M23 utaravana abarwanyi bawo bose mu bice wifatiye mu buseruko bw’igihugu. Awagiriza guhuma amaso akarere, wemereye gukurayo abasirikare bawo bose. Ibi yabivugiye mu nama mpuzamakungu y’ubutunzi i Davos mu Buswise kuri uyu wa kabiri.

Abategetsi bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko barapfunditse amasezerano mu kwezi kw’icumi na kumwe, yasaba uwo muhari kuva mu bice uherutse gufata hatarenze italiki ya 15 z’uku kwezi kwa mbere. Ibi biri mu ntumbero yo kurangiza intambara imaze guhekura abatari bake hamwe n’abashika 450,000 bateshejwe ingo zabo. Izi ntambara zarateye kandi icuka kibi muvya kidipolomasiya hagati ya Kongo n’igihugu kibanyi, u Rwanda.

Kubwa Prezida Tshisekedi, M23 iracari mu bice yafashe. Avuga ko uwo muhari werekana ko uriko urimuka, ariko sivyo. Ico bakora ni ukuzungurukira aho bari, bava aha bungururiza ahandi ariko bakaguma mu bisagara bafashe.

Umuvugizi w’umuhari M23, Lawrence Kanyaka, we avuga ko ari reta ya Kongo itariko irubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara kuko ibandanya guha ibirwanisho imihari irwanira muri ako karere.

Prezida Tshisekedi yongeye kwagiriza u Rwanda gusasira iyo ntambara mu gufasha abo barobeli. Ni ivyagiriji bishigikiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi hamwe n’abahinga ba ONU. Ariko u Rwanda rurabihakana rwivuye inyuma.

Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG