Uko wahagera

DRC: M23 Yemeye ko Igiye Kuva mu Birindiro Irwaniramwo


Bamwe mu barwanyi ba M23
Bamwe mu barwanyi ba M23

Uhuru Kenyatta yahoze ari Prezida wa Kenya akaba ari we muhuza mukuru mu biganiro vyo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Kongo yakoranye inama n'uwutwara abarwanyi ba M23, hamwe n'uwutwara igisata ca politike na gisirikare muri M23.

Itangazo umuryango wa Afurika y'ubuseruko, EAC, isohoye ku mugoroba w'uno wa kane, risigura ko ibiganiro hagati y'indongozi za M23 na Prezida Kenyatta vyari bigamije kurabira hamwe ingene amahoro yoboneka muri Kongo, cane cane mu buseruko bw'ico gihugu no muri Kivu ya Ruguru.


M23 mu vyo yiyemeje, harimwo harimwo ugukinjura mu birindiro irimwo no kwubahiriza agahengwe EAC, isaba. Uwo murwi urwanya ubutegetsi bwa Kongo wiyemeje kwubaha no gukorana n'ingabo za EAC, "zigenzura bimwe mu birindiro M23 imaze kuvamwo." Ingingo y'uko abarwanyi ba M23 bava mu birindiro vyabo yafatiwe mu nama ku kibazo c'umutekano wa Kongo, yahuje bamwe mu bategetsi ba EAC i Bujumbura mu Burundi mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2022.

Mu mubonano w'umuhuza mukuru mu matati ya Kongo, Prezida Kenyatta, n'indongozi za M23, izo mpande zemeranije ko ugukinjura kw'abarwanyi ba M23 mu birindiro vyabo kuzosuzumwa n'inteko za EAC zarungitswe muri Kongo hamwe n'inama y'abakuru b'ibihugu bigize akarere k'ibiyaga binini (CIGL).

Itangazo rya EAC risigura ko izo mpande zibiri zizosuzuma ko M23 yavuye mu birindiro vyabo mu ntumbero yo gutahukana impunzi n'abateshejwe izabo mu mutekano n'amahoro aherekejwe n'ituze.

Indongozi za M23 muri uwo mubonano, zasavye zishimitse Uhuru Kenyatta gukora ibishoboka vyose kugira "amahano n'umubabaro Abanyekongo babayemwo igihe kirekire bihere": Ku bwa M23, ibi vyoca mu kugarukana amahoro no kubahiriza uburenganzira bw'abanyagihugu ba Kongo bose.

Itangazo rya EAC ribandanya rigira riti:" Indongozi za M23 zasavye kandi Kenyatta kugondoza imirwi y'abanyamahanga yose irwanira ku butaka bwa Kongo kugira ishire ibigwanisho hasi, inahagarike ibitero ikora kuri M23, kandi yemere ibiganiro biciye mu mahoro." M23 mu bindi yasavye, ni uko amajambo yise " Ay'urwanko, ahagarara."

Abari muri iyo nama, bemeranije ko mu ndwi zine ziheze umutekano wo muri Kivu ya Ruguru wateye intambwe. Uturorero twatanzwe, ni utw'abari barahunze batanguye guhunguka. Itangazo rya EAC ryatereweko umukono mu gisagara ca Mombasa: Inama ya Kenyatta na M23 yabereye i Mombasa muri Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG