Uko wahagera

Amakungu Akomeje Kuremera u Rwanda ku Kibazo ca M23


Prezida w'u Rwanda Paul Kagame Kumwe na mugenzi wiwe wa Kongo Félix Tshisekedi
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame Kumwe na mugenzi wiwe wa Kongo Félix Tshisekedi

Amakungu ariko atera aremera u Rwanda kurushiriza mu gihe Ubufransa n'Ubudagi ari ibihugu vya nyuma vyagirije icese ico gihugu ko gishigikiye abarwanya ubutegetsi mu gihugu kibanyi ca Republika ya demokrasi ya Congo bo mu murwi wa M23.

Ivyo bishobora kugira ingaruka ku mfashanyo u Rwanda rumaze igihe ruronswa n’amakungu. Muri iki gihe, ibindi bihugu biha imfashanyo ikomeye u Rwanda vyarifatanije n’ibindi mu kunebagura u Rwanda.

Ku musi wa kabiri, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa, bwasohoye itangazo ryiyamiriza u Rwanda kuba rushigikiye umurwi wa M23. Mu rugendo umushikirangaji ajejwe iterambere w’Ubufransa yagize muri Congo, yaragabishije ko umurwi wa M23 utegerezwa guhagarika kurwana ukava mu bice wigaruriye.

Imfashanyo Ubufransa buha u Rwanda yavuye ku mafranga ari musi y’imiliyoni 4 z’amadolari msu mwaka w’i 2019, agera ku yarenga imiliyoni 68 y’amadolari mu mwka w’i 2021 hisuznwe ibiharo bitangwa n’ishirahamwe rijejwe ugufashanya mu vy’ubutunzi n’iterambere, “Organization de Cooperation et de Development Economiques”, OCDE, mu mpfunyapfunyo. Ku musi wa kabiri kandi, umuyobozi ajejwe akarere ka Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara, mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire mu Budagi,

Christoph Retzlaff, yatangaje ko u Rwanda rwotegerezwa guhagarika budtevye gufasha abarwanyi b’umurwi M23, bugatanga budatevye intererano yabwo mu gutorera sinyishu ibibazo bikomeye vy’umutekano muri Congo. Imfashanyo ijejwe iterambere Ubudagi bwahaye u Rwanda mu mwaka w’i 2021 yarenga imiliyoni 94.

Raporo y’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, mu ntango z’uyu mwaka yatangaje ko iryo shirahamwe rifise ibimenyetso bikomeye ko inteko z’u Rwanda zifasha abarwanya ubutegetsi bo m u murwi wa M23. Reta zunze ubumwe za Amerika zasavye icese u Rwanda guhagarika gufasha uwo murwi.

Mu itangazo u Rwanda rwasohoye, rwamiriye kure ivyagiriji vyose ruregwa, ruvuga ko ari ibinyoma, kandi kubikomeza bituma haba ugusamaza ku mvo nyamukuru y'umutekano muke wa Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG