Uko wahagera

Kongo Yemeza ko u Rwanda Rwarasiye Indege Yayo ku Butaka Bwayo


Indege ya RDC yo mu Bwoko bwa Sukhoi 25
Indege ya RDC yo mu Bwoko bwa Sukhoi 25

Reta ya Repubulika ya demokarasi ya Kongo itangaza ko ineguye yivuye inyuma igitero ku ndege yayo y’intambara yarashwe n’u Rwanda iri mu kirere ca Kongo kuri uyu wa kabiri. Imenyesha kandi ko itagiye kurera amaboko.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru kuri uyu wa kabiri, Kongo ivuga ko indege yayo yo mu bwoko bwa Sukhoi-25 yarashwe mu masaha ya sa kumi n’imwe z’umuhingamo i Goma, ku murwa mukuru w’intara ya Kivu y’uburaruko. Kubwa reta ya Kongo, iyo ndege yatewe iriko irururuka ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Goma kandi ntiyigeze yinjira ku butaka bw’u Rwanda.

Reta ya Kongo ivuga ko ico gitero ciyongereye ku catangujwe n’igisirikare c’u Rwanda mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Kitchanga, ariko kikaba caciye gisubizwa inyuma n’igisirikare ca Kongo, FARDC. Kongo ivuga ko hagaragaye imirongo y’abasirikare bavuye mu Rwanda berekeza gufasha ibirindiro vya M23 biri i Kibumba na Bwito.

Reta ya Kongo ibona ko iki ari ikindi gitero c’u Rwanda kibonwa nk’igikorwa c’intambara gitumbereye kuburizamwo utwigoro tw’amahoro turiko turakorwa two gushira mu ngiro ivyumvikanyweko i Luanda na Nairobi.

Mu gihe hasigaye imisi mike ngo hatangure igikorwa co kwandika abazokwitabira amatora mu turere two hagati no mu buseruko bw’igihugu, reta itera akamo amakungu ko ari ngombwa ko aremera u Rwanda n’umuhari wa M23 bagahagarika ivyo bikorwa bigamije kuburizamwo amatora.

Itangazo rya reta ya Kongo rivuga ko naho iri mu twigoro tw’amahoro, ifise uburenganzira bwo kurwanira igihugu kandi batagiye kurera amaboko.

(VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG