Uko wahagera

Reta ya Somaliya Irigamba ko Yishe Ab Al Shabab 69


Abarwanyi ba Al shabab
Abarwanyi ba Al shabab

Abarwanyi 69 ba al-Shabab barishwe mu bitero bibiri bitandukanye vya gisirikare mu bumanuko no hagati muri Somaliya. Abategetsi mu gisirikare bavuga ko igitero ca mbere cabereye mu ntara ya Middle Shabelle mw'ijoro ryo kuwa gatatu ahasize ubuzima aba al shabab 49, mu gikorwa cakorerwe hamwe n’igisirikare hamwe n’imihari y’abanyagihugu irwana ku ruhande rwa reta.

Brigadier General Abdullahi Ali Anod, avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Somaliya, yavuze ko reta yafashe kandi n’inkoho z’uwo muhari w’iterabwoba. Yavuze ko babubiriye bariko barisuganya mu mirima yo muri iyo ntara, ku birometero 60 mu buraruko bwa Mogadishu.

Mu kindi gitero, aba al shabab 20 barishwe abandi barakomereka igihe abasirikare ba reta bagaba igitero ejo kuwa kane kw’ikambi yabo y’i Goof-Gadud, iri ku birometero 30 mu buraruko bwa Baidoa.

Ibi ni mu gihe ku musi wa kabiri, al shabab nayo yagavye igitero kw’ikambi ya gisirikare, hapfa abasirikare indwi ba reta, barimwo n'umukomanda.

Abategetsi bavuga ko abakomanda ba al-Shabab bari mu bishwe, hamwe n’abasirikare batanu ba reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG