Uko wahagera

Bombe 2 Al-Shabab Yateze muri Somaliya Zishe Abagera kuri 15


Umwe mu bakomerekejwe na bombe za Al Shabab
Umwe mu bakomerekejwe na bombe za Al Shabab

Amabombe 2 yari yatezwe mu modoka yaturikijwe n'abarwanyi b'umurwi al-Sahabab, uno musi ku wa gatatu, ahitana abantu batari musi ya 15, yongera arasenya amazu mu ntara ya Hiraan iri mu gice co hagati muri Somaliya.

Ibiro bijejwe gutangaza amakuru vy’umurwi al-Shabab vyatangaje ko ari wo wakoze ico gitero. Mw’itangazo vyashikirije, vyamenyesheje ko ico gitero cari kigenewe abasirikare ba reta n’abarwanyi bakorana. Ukaba umenyesha ko abapfuye muri ico gitero ari 87. Umurwi al-Shabab utanga kenshi ibiharuro vy’abapfuye birengeye ibitangazwa n’abategetsi b’aho biba vyabereye, hamwe n’abahaba.

Ni kimwe mu bitero biherutse gukorwa n’abarwanyi ba al-Shabab bakorana n’umurwi al-Qaida kuva abasirikare ba reta n’abarwanyi baserukira imiryango bikorana batanguye mu mwaka uheze ibitero vy’ugutuza abo barwanyi mu bice bari bamaze igihe kirekire barigaruriye.

Abdullahi Osman, akora imirimo y’ubudandaji mu gisagara citwa Mahas yatangaje ko yiharuriye ubwiwe abantu 15 bapfuye harimwo abasirikare, abarwanyi n’abasivile. Yatangaje ko amazu atari make yesenyutse, kandi ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera.

Inteko za reta zari zatujije umurwi al-Shabab wari watujijwe mu ntara ya Hiraan mu mwaka uheze. Yamara abarwanyi b’uwo murwi babandanije gukora ibitero. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG