Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab Yagavye Igitero kw’Ikambi ya Gisirikare


Iyindi kambi ya gisirikare yigeze kugabwako igitero
Iyindi kambi ya gisirikare yigeze kugabwako igitero

Abarwanyi ba al-Shabab bakoze igitero kidasanzwe kw’ikambi ya gisirikare ya Somaliya, umusi umwe inyuma y’aho reta itangarije intsinzi ikomeye kuri uwo murwi.

Ababibonye hamwe n’abajejwe umutekano bavuga ko abarwanyi b’intagondwa z’abayisilamu baturikije bombe mu modoka yari hanze y’ikambi y’abasirikare iri ku birometero 60 mu buraruko bw’umurwa mukuru Mogadishu, baca barayinjiramwo.

Al-Shabab yatangaje ko ari yo yakoze ico gitero kidasanzwe kuri iyo nkambi y’abasirikare. Ivyo bibaye inyuma y’umusi umwe reta itangaje intsinzi idasanzwe kuri abo bagwanyi ba jihadi.

Hari kandi ukutavuga rumwe hagati ya reta n’abarwanyi ku gitigiri c’abantu bahitanywe n’ico gitero cakozwe kuri iryo kambi riri mu gisagara ca Hawadley mu buraruko bwa Mogadishu.

Kw’iradiyo y’igihugu, umukuru w’abasirikare, Odowaa Yusuf Rage, yatangaje ko hapfuye abasirikare 5, barimwo intwazangabo.

Komanda w’akagwi k’abarwanyi bakorera aho I Hawadley mu karere gaherereye hagati mu ntara ya Hirshabelle yavuze ko hishwe abasirikare 11.

Naho abo barwanyi bomowe bagakurwa ku murwa mukuru wa Mogadishu, mu bindi bice vy’igihugu al-Shabab ibandanya gushinga imizi, cane cane hagati mu gihugu no mu bumanuko bwaco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG