Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab Yaratujijwe mu Bice Bimwe Bimwe


Ingabo za leta ya Somalia
Ingabo za leta ya Somalia

Reta ya Somaliya n’abarwanyi bakorana nayo baratujije abarwanyi ba. Al-Shabab mu bice bitari bike kuva batanguye ibitero bikomeye mu kwezi kw’umunani mu mwaka uheze. Yamara abo barwanyi bishuye mu gukora ibitero bitari bike, harimwo ibitero vy’amabombe ku murwa mukuru, Mogadishso. Bishe abantu batari musi ya 35, bakomeretse abandi 40 ku musi wa gatatu. Ni igihe baturitsa ibitero vy’amabonbe yari yatezwe mu modoka zibiri mu gisagara ca Mahas kiri hagati mu gihugu.

Igitero c’uno musi ku wa gatanu cakozwe mu mihana y’ahitwa Hilowle mu ntara ya Hirshabelle, abasirikare ba Reta ya Somaliya n’abarwanyi bakorana bari bafashe mu ndwi iheze. Abarwanyi ba al-Shabab bakoze igitero muri iyo mihana mu masaha y’ibisabisho yo mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, hafi y’isaha cumi n’imwe yo mu mutwenzi muri ako karere.

Mohamed Hussein, umwe mu baba mu mihana ya Hilowle Gaab atangaza ko ukurasana kwakwirikiye aho abakoze ico gitero batujijwe. Abasirikare ba reta n’abarwanyi bakorana bari mu bantu 6 bishwe. Atangaza ko muri iki gihe ingwano yahagaze, ko atazi igitigiri nyakuri c’abapfuye. Umurwi al-Shabab watangaje ko wasubiye kwigarurira iyo mihana, kandi ko wafashe imodoka n’ibirwanisho. Yamara abahaba baratera ivyatsi ivyatangajwe n’umurwi al-Shabab. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG