Uko wahagera

Somaliya: Igisasu c'Umwiyahuzi Cishe Abantu Indwi Gikomeretsa Icenga i Mogadishu


Muri Somaliya, igisirikare cavuze ko igitero c’umwiyahuzi w’umu-Al Shabab cahitanye abantu indwi n’abandi icenda bakomeretse kuri uyu w’Imana, ku murwa mukuru Mogadishu.

Umusirikare w’ipete rya komanda, Abdullahi Adan, yavuze ko uwo mwiyahuze yiturikijeko ico gisasu mu masaha yo mu gatondo. Bishwe bari mu murongo w’abariko barandikwa kwinjira mu gisirikare, mu kambi ya Nacnac iri mu bumanuko bwa Mogadishu.

Al-Shabaab, kandi yishe abandi basivile 19 hagati muri Somaliya mu ntango z’uku kwezi.

Prezida mushasha wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, ahanzwe n’ibitero vy’iterabwoba vyiyongereye kuva atowe mu kwezi kwa gatanu. Yiyemeje kuzorandurana n’imizi uwo murwi w’iterabwoba.

Igisirikare ca Amerika ku musi wa gatatu naco cavuze ko cishe aba Al Shabab 27 mu gitero c’indege cakoze hagati mu gihugu, mu gushigikira igisirikare ca reta.

Mu kwezi kwa gatanu Prezida Joe Biden yarafashe ingingo yo gusubiza abasirikare ba Amerika ku rubuga rw’intambara muri Somaliya. Bari barahagaritswe n’uwo yasubiriye, Donald Trump, yavuga ko abasirikare ba Amerika bashobora kuhasiga ubuzima kandi ari igikorwa kidatanda umwimbu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG