Uko wahagera

Somaliya: Al Shabab Yarishe Abantu 7 Yagiriza Gusumira Urusaku Amerika


Abarwanyi ba Al Shabab muri Somaliya

Umuhari w’iterabwoba al-Shabab wo muri Somaliya warishe abagabo indwi mu ntara ya Bay, mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu. Batandatu muri abo bishwe bahowe kuba basumira urusaku Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe na reta ya Somaliya.

Abo bantu biciwe mu maso y’abanyagihugu mu micungararo y’agasagara ka Buula-Fulay muri iyo ntara ya Bay, ku musi wa gatandatu.

Al Shabab yagirije batatu muri abo bagabo kuba ari bo batanze amakuru yatumye indongozi zayo, Yusuf Jiis na Abdulkadir Commandos zicwa n’ibitero vy’indege za Amerika mu 2020.

Umucamanza wa al-Shabab yabwiye abanyagihugu bari aho ko batandatu muri abo bagabo biyemereye ivyaha bagirizwa, ariko nta kindi yarengejeko. Sentare za Al-Shabab ntizemerera abashingwamanza kuburanira abaregwa ivyaha.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG