Uko wahagera

Somaliya: Abagera kuri 5 Baguye mu Gitero ca Al-Shabab


Ahabereye igitero c'uno munsi
Ahabereye igitero c'uno munsi

Amabombe yaturikiye mun bisagara 2 bitandukanye mu bumanuko bwa Somaliya, yahitanye abantu batari musi ya 5 uno musis ku wa gatatu. Umuvuguzi mu vya gisirikare w’umurwi al-Shabab, Abdiasis Abu Musab, yatangaje ko uwo murwi ari wo wakoze ivyo bitero vyompi.

Avuga ko muri ico gitero bishe umuyobozi w’akarere igisagara ca Marka kirimwo n’abo bari kumwe. Atangaza ako mu gisagara ca Afgoye bishe abasirikare 2 mu gitero ca bombe bahakoreye. Mu gitero ca mbere, amabombe 2 yashizwe mw’isoko y’ibitungwa mu gisagara ca Afgoye mu ntara ya Lower Shabelle yahitanye abantu 4 nk’uko bitangazwa n’igipolisi n’abanyagihugu baho.

Bombe imwe yaraturitse, yamara nta bantu yishe canke ngo ikomeretse. Mu nyuma y’aho bome igira kabiri yaraturitse yica abasivile 4. Mu gitero gitandukanye bombe yaturikiye mu gisagara kirimwo ikivuko ca Marka yishe umukuru w’akarere ico gisagara kirimwo. Iradiyo Muqdisho yaho yatangaje ko uwo mutegetsi yishwe mu gitero c’abagira iterabwoba.

Ahmed Farah, aba mu gisagara ca Marka yatangaje ko abajejwe umutekano bazibiye ikibanza ico gitero cabereyemwo. Umurwi al-Shabab umaze imyaka irenga 10 urondera gukuraho reta kugira ushireho amategeko afatiye kw’idini rya kiyislamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG